GUTEZANYA IMBERE NO GUSHIGIKIRANA KUGIRA UMUNTU WESE ABEHO NEZA NA SAORECA
INTANGAMARARA YA SAORECA
---------------------------------------------------------------------
Bizimungu Juvénal
rutagira ibikorwa muri Saoreca ntiturwemera, urukundo ni rwo rwonyene rushobora gutuma twese tubaho neza. Kugira impuhwe ; kunezerezwa n'abanezerewe ; kubabazwa n'ababaye ni kimwe mubiranga aba SAORECANS mw'isi yose. Gutezanya imbere no gushigikirana biciye mu rukundo : gutanga ni kimwe muvyo aba SAORECANS bakora.
Umu Saorecan wese aba yaratahuye ko :
- Gutanga bizana umugisha
- Ico ugomba ko bagukorera nawe ugikorera abandi.
- Urukundo ruruta vyose.
Reka tubanze tubahe ikaze tubashimira ku mwanya wanyu uhambaye mufata kugira ngo mu menye ukuri ku bijanye n'ukuntu umuntu wese yifuza gutera imbere biciye muri Saoreca bishoboka.
Imbere y'ibindi vyose twashaka kubanza kuvuga ico Ari co Saoreca. Saoreca ni Umuryango w'abantu bifuza iterembere ku muntu wese. Mu majambo y'ururimi rw' Icongereza Saoreca ni Special African Organization for Rapid Emergency Cases in Africa tugerageje kubivuga mu kirundi ni Umuryango nyafrika wo gutabara aho hose bikenewe.
Saoreca rero yemerewe kujamwo umuntu wese avyifuza mugihe akwije ibisabwa.
IHANGIRO RYA SAORECA
---------------------------------------------------------------------
SAORECA ifise ihangiro ryiza cane aho twifuza ko umuntu wese yobaho neza ,twese tugatera imbere tukabaho neza nk'uko Imana yashaka ko tubaho. Muri iyo ntumbero umu Saorecan wese hari ivyo asabwa kumenya imbere y'uko yinjira.
IVYO UMU SAORECAN WESE ASABWA KUGIRA YINJIRE MURI SAORECA.
---------------------------------------------------------------------
I.KWINJIRA NI K'UBUNTU
1. Kwiyumvamwo urukundo.
Kunezerezwa n'abanezerewe ,kubabazwa n'ababaye. Urukundo tuvuga muri Saoreca si urukundo rwo mu majambo gusa, ahubwo ni urukundo rufatiye kubikorwa vyiza vyo GUTEZANYA IMBERE NO GUSHIGIKIRANA. Ntamuntu adafise urukundo yoshobora kuba umu Saorecan.
2. Gutezanya imbere no gushigikirana.
Umu Saorecan wese yinjira muri Saoreca azi neza ko ategerezwa gutezwa imbere Kandi ko ategerezwa guteza imbere abandi. Muti none bigenda gute? Igihe cose bibaye nkenerwa ko umu Saorecan atezwa imbere biramenyeshwa aba Saorecans bose maze rero kuko ari co twahamagariwe , umwe wese araheza agatanga icasabwe kugira tumuteze imbere.
Igihe bibaye nkenerwa rero umu Saorecan wese yama azi neza ko guteza imbere uwundi ko ari nkenerwa. Twashaka duce tuvuga ko atamuntu n'umwe yonanirwa no kugira ico akora mu gihe avyifuza . Twebwe rero dufasha umuntu wese amaze kuba muri twebwe.
3.Kwiyandikisha.
Umu Saorecan wese asabwa kuba yariyandikishije, kwiyandikisha ni ku buntu ntamahera bisaba. Mu kwiyandikisha muri Saoreca umuntu asabwa ifoto y'icangombwa ciwe ,ashobora kuba akoresha karangamuntu canke passport kimwe muri ivyo kiremewe.
Umuntu atariyandikisha ntaba araba umu Saorecan. Igituma dusaba Ifoto y'icangombwa ni mu ntumbero yo kumenya neza umuntu wacu kuburyo bw'uko tudashobora gukorana n'umuntu tutazi,tutazi address yiwe. Iyo umuntu amaze kwiyandikisha rero aba abaye umu Saorecan.
SAORECA YATANGUYE RYARI.
---------------------------------------------------------------------
Saoreca yatanguzwe n'umurundi yitwa Abel Nzigirabarya , Saoreca yatanguriye mu gihugu ca Afrika y'Epfo mu mwaka w'2022. Saoreca ishigikiwe n'aba Saorecans bose bari hirya no hino. Nk'uko twagiye tubivuga Saoreca yemerewe kujamwo umuntu wese avyifuza Yaba umukuru ,umuto,uwize ,uwutize; umukene canke umutunzi.
WOBA WIFUZA KWIFATANYA NA BA SAORECANS?
_____________________________________________
Uramutse wifuza KWIFATANYA natwe ushobora gufyonda aha hepfo: https://www.facebook.com/profile.php?id=100087944787660 urashobora Kandi kutwandikira kuri +27 845 769 365 Whatsapp.
ICICARO CA SAORECA
---------------------------------------------------------------------
SAORECA ifise icicaro gikuru mu gihugu ca Afrika y'Epfo ,iyi ni yo address ya Saoreca 136 Retreat Road, Retreat Cape Town, South Africa.
SAORECA ISHIGIKIWE NA BANDE?
Saoreca ishigikiwe n'aba Saorecans bose bari hirya no hino. Umuntu wese yiyumvamwo urukundo rufatiye ku bikorwa vyiza arashobora gushigikira Saoreca.
INYUNGU YO KUBA UMU SAORECAN
---------------------------------------------------------------------
1. WIGISHIJE ABANTU 10 URUKUNDO BAKINJIRA MURI SAORECA ABA SAORECA BAGUHEMBA AMADORARI 10.
2. KIRA KU MWAKA UMU SAORECAN WESE AHABWA AMADORARI 50. MURI SAORECA UMWAKA UKWIRA KWITARIKI Z'UKWEZI WINJIRIYEKO MURI SAORECA.
3. UMU SAORECAN AKOZE UBUKWE AHABWA AMADORARI 50.
4. UMU SAORECAN YIBARUTSE AHABWA AMADORARI 50.
5. UMU SAORECAN YINJIYE IBITARO AHABWA AMADORARI 50.
6. UMU SAORECAN ABUZE UWIWE AHABWA AMADORARI 50.
IVYO BISHOBORA GUSHIRWA MU NGIRO MU GIHE UMU SAORECAN AMAZE KUVA KU MWAKA ARI MURI SAORECA.
KUVA MURI SAORECA
---------------------------------------------------------------------
Igihe umu Saorecan ahisemwo kuva muri Saoreca, ntakintu na kimwe asaba nk'uko aba yinjiye ataco asabwe Niko agenda ataco asabwe. Igihe umuntu yikuye muri Saoreca ntashobora gusubira gusaba kwinjira hadahe imyaka 3 kuva ku musi yaviriyemwo.
INGINGO NGENDERWAKO MURI SAORECA.
-------------------------------------------------------------------
1. GUKORA ICO ABASERUKIRA SAORECA BAGUSAVYE GUKORA COSE KUGIRA ABANDI BATERE IMBERE CANKE BASHIGIKIRWE. KUBERA DUFISE URUKUNDO NTUSHOBORA GUSABWA ICO UDASHOBOYE GUKORA.
2. KWUBAHA NO KWUBAHIRIZA ISHIRWA MU NGIRO Y'INTUMBERO YA SAORECA.
MWOMENYA NEZA KO UMU SAORECAN ANANIWE NO GUSHIRA MU NGIRO IVYO YASABWE INCURO 2 KO ADASHOBORA KUBANDANYA ARI UMU SAORECAN KUKO URUKUNDO RWIWE NTIRUBA RUHUYE N'URUKUNDO RW'ABA SAORECAN.
Comments
Post a Comment