GUTEZANYA IMBERE NO GUSHIGIKIRANA KUGIRA UMUNTU WESE ABEHO NEZA NA SAORECA
INTANGAMARARA YA SAORECA --------------------------------------------------------------------- Bizimungu Juvénal rutagira ibikorwa muri Saoreca ntiturwemera, urukundo ni rwo rwonyene rushobora gutuma twese tubaho neza. Kugira impuhwe ; kunezerezwa n'abanezerewe ; kubabazwa n'ababaye ni kimwe mubiranga aba SAORECANS mw'isi yose. Gutezanya imbere no gushigikirana biciye mu rukundo : gutanga ni kimwe muvyo aba SAORECANS bakora. Umu Saorecan wese aba yaratahuye ko : - Gutanga bizana umugisha - Ico ugomba ko bagukorera nawe ugikorera abandi. - Urukundo ruruta vyose. Reka tubanze tubahe ikaze tubashimira ku mwanya wanyu uhambaye mufata kugira ngo mu menye ukuri ku bijanye n'ukuntu umuntu wese yifuza gutera imbere biciye muri Saoreca bishoboka. Imbere y'ibindi vyose twashaka kubanza kuvuga ico Ari co Saoreca. Saoreca ni Umuryango w'abantu bifuza iterembere ku muntu wese. Mu majambo y'ururimi rw' Icongereza Saoreca ni Special African Organization for Rapid E...